5.5 C
New York
Thursday, May 6, 2021
Home abakinyi bakina hanze Mutoyi wa Saido Ntibazonkiza yaraye afashije Namungo gutsinda Singida United

Mutoyi wa Saido Ntibazonkiza yaraye afashije Namungo gutsinda Singida United

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2020 , ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Tanzania ryarabandanije kundwi ya 20, umugwi Singida United wakiriye Namungo Fc urukino rurangira Namungo Fc utsinze Singida United igitsindo 1-0.

Ico gitsindo catsinzwe n’umukinyi w’Umurundi ariwe Steeve Nzigamasabo asanzwe ari mutoya wa Saido Ntibazonkiza ahawe ipasi n’uwundi murundi bakinana yitwa Bigirimana Blaise .

Namungo Fc ukaba waduze mu cicaro ca mbere muri uno mwaka ukaba uri mu kibanza ca 4 n’amanota 36 mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania .

Mukamenya y’uko Steeve Nzigamasabo yakiniye umugwi wa Vital’o Fc hano iwacu , akina muri Nigeria mu mugwi Enougu Rengers , yakinye no mu Rwanda mu mugwi Bugesera Fc muri kino gihe akina muri Tanzania mu mugwi Namungo Fc.

Must Read

Urugendo bahora barihira ibihumbi 8 bariko barurihira ibihumbi 15

0
Abo ni abipakiza imiduga bavuye mu gisagara ca Bujumbura baja mu bumanuko bw’igihugu, aho bitaboroheye kwiyunguruzaku muhingamo wo kuri uno wa kane. Intanduruko ni ikiraro...