Mu gihe ikiza ca Coronavirus kigisibije mu gihugu c’Ubushinwa, abagerageza gukinisha ico kiza mu bihugu bitandukanye ntibaheza ngo boroherwe, kuko batabwa mu mvuto, bagakurikiranwa n’ubutungane. Ivyo n’ibiheruka gushikiriza umwe mu bagore bo muri Bresil.
Claudette Maria Rosa da Silva n’umugore w’imyaka 39, uyu akaba yari mu minwe y’inyamiramabi ku musi wa gatandatu muri Bresil, igituma ngo ni kubera yabeshe ko afise ibimenyetso ko arwaye ca kiza ca Coronavirus. Ivyo yabikoreye kw’ivuriro ryo mu gace kitwa Copacabana kari muri bunanuko bwa Rio.
Nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza ngo uwo mugore yabikoze mu ntumbero yo gushaka gufatwa neza n’abaganga bo kuri iryo vuriro. Kugira bavyemere vyoroshe, uwo mugore ngo yavuze ko yaramaze imisi atahutse avuye I Hong kong, aho ngo yakora akazi ko kurera abana.
Nkuko bisanzwe mu gihe c’ibiza, uwo mugore yaciye ashirwa aha wenyene, akorerwa ibipimo bitandukanye vyo kwa muganga, n’abaganga bakomeye nabo barahashika. S’ico gusa kuko n’ubushikiranginji bw’amagara y’abantu nabwo bwarabimenyeshejwe.
Imitima yahavuye isubira hasi, anatabwa muri yombi n’igipolisi inyuma yaho bamwe mu baryango biwe bamenyeshereje ko ariko arabesha, kuko atarigera asohoka igihugu, ngo kuko ata na Passport anafise.
Uwo mugore yahavuye arekurwa ku musi wa mungu nkuko ico kinyamakuru kibishikiriza, ukaba wari umunezero ku baryango biwe, ariko kandi no ku banya Bresil bari bazi ko binjiranywe n’ico kiza.
Tubibutse ko ico kiza ubu kimaze guhitana abarenga 1000 muri Chine, aho abarenga 40.000 bamaze gufatwa n’iyo ngwara, ariko hakabamwe na bamwe bakira iyo ngwara.