5.5 C
New York
Thursday, October 28, 2021
HomeAlbinosBDUSA : Urukundo rwari rwamuzanye yarugaragaje abene umurango babona

BDUSA : Urukundo rwari rwamuzanye yarugaragaje abene umurango babona

 

Inyuma y’iyinga ashitse mubwa Nyaburunga aho yatumenyesheje ko azanwe n’urukundo rwamye ruranga abarundi kuva kera na rindi, umuvugizi w’ishirahamwe BDUSA (Burundian Diaspora in USA 🇺🇸) risanzwe riyobowe n’umushingantahe Samuel Ndayiragije , Dr Zena Ntiranyibagira yagaragaje  kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Ruhuhuma urwo rukundo rwari rumuzanye mu gushikiriza imfashanyo imiryango y’abarundi bababa amajana atandatu baherutse guhura n’ivyago aho imvura idasanzwe yabasize mu kangaratete ikabanyaga ababo n’ivyabo.

Aho ni muri site ya Sabe muri zone #Ngagara ikaritiye y’10 aho iyo miryango itakigira ayo icira n’ayo imira yashoboye kuronswa imfashanyo igizwe ahanini n’ibifungurwa (umuceri, ibiharage, amamesa) hamwe n’ibitenge, umuryango umwumwe ukaba washoboye kuronswa ibiro 10 vy’umuceri, 10 vy’ibiharage, icupa rya kinju ryuzuye amamesa hamwe n’igitenge.

Abaronkejwe iyo mfashanyo bashimiye cane ishirahamwe BDUSA ryabagarukiyeko muri ibi bihe barimwo bitoroshe  baboneraho no guhamagarira abandi barundi bari mu bindi bihugu gufatira akarorero keza kuri iryo shirahamwe BDUSA ribaye irya mbere ribakuye habi.

Tubamenyeshe ko ivyo birori vyari vyatewe iteka n’uwuserukira Uburundi i New york muri Reta zunze ubumwe za Amerika Ambasaderi  Gaudence Sindayigaya , abarundi bo muri BDUSA bari baherekeje Dr Zena , umukuru wa zone Ngagara n’abandi banyacubahiro batandukanye.

- Advertisment -

Must Read

SAT-B ngo yasabwe gukora arekane n’abavuga gusa

0
Abantu bahanuye Sat-b gukora gusumba kwishinga abavuga, ivyo bikaba bishikirijwe ku rubuga rwiwe Aho yariko amenyesha abantu ko Imana ariyo yamukuye mu bworo. uwo muririmvyi...