5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home homepage Abahagarikizi babiri b'abarundi bazokurikirana inyigisho za V.A.R

Abahagarikizi babiri b’abarundi bazokurikirana inyigisho za V.A.R

 

Kuri musi wa gatatu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2020, niho hamenyekana y’uko abahagarikizi b’abarundi babiri bari mu rutonde rw’abahagarikizi mpuzamakungu bazokurikirana inyigisho zijanye no kumenya gukoresha V.A.R benshi bita Video Assistance Referee.

Abo bahagarikizi mpuzamakungu b’abarundi akaba ari Pacifique Ndabihawenimana hamwe na George Gatogato.

Izo nyigisho zizobera i Rabat mu gihugu ca Maroc zikazotangura kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kuri 14 Ntwarante 2020.

Abahagarikizi mpuzamakungu bavuye mu bihugu bitandukanye vyo muri Africa nibo batumiwe n’ishirahamwe CAF kuzokurikirana izo nyigisho zijanye n’ivyo kwinonora , ubuhinga hamwe no kuraba amategeko ya VAR bizokoreshwa mu gikombe ca CAN 2021 kizobera muri Cemeroun.

Mukamenya y’uko na Jean Claude Birumushahu yigeze kuba umuhagarikizi mpuzamakungu w’umurundi akaba yarakukurutse nawe ari mu bantu bazotanga izo nyigisho zijanye n’ubuhunga ryateguwe na CAF.

Must Read

Amazi asigaje isantimetero 50 kugira agere ahashikira ibidandazwa

0
Imiriyaridi zababa 2 z'amafaranga y'amarundi niyo akenewe kugira ikivuko ca Bujumbura kibangamiwe n'iduga ry'amazi y'ikiyaga Tanganyika gisanurwe mu kurindirika ibikorwa vyo kucagura. Umushikiranganji ajejwe...