Steeve Nzigamasabo yaraye afashije Namungo Fc gutsinda Muaduwi

0
671

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2020, aho umugwi Namungo Fc wahura n’umugwi wa Muaduwi Fc mu rukino rw’indwi ya 21 y’ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier League ( VPL) urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yompi inganije igitsindo 1-1.

Umukinyi w’umurundi Steeve Nzigamasabo asanzwe avukana na Saido Ntibazonkiza niwe yatsindiye Namungo Fc ico gitsindo.

Ico kikaba ari igitsindo kigira kabiri uyo mukinyi yinjije no mu rukino ruheruka aho Namungo Fc watsinze Singida United igitsindo 1-0.

Mukamenya y’uko Steeve Nzigamasabo asanzwe akinana n’uwundi murundi muri uwo mugwi wa Namungo Fc uyo nawe akaba yitwa Blaise Bigirimana.