5.5 C
New York
Thursday, January 27, 2022
HomeHealthMisiri : Umugabo yari yatowe Coronavirus basanze atayo akirwaye

Misiri : Umugabo yari yatowe Coronavirus basanze atayo akirwaye

Amakuru dukesha ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS amenyesha ko umugabo wo mu Misiri yaheruka gutorwa ko yanduye umugera wa coronavirus basubiye kumupima basanga ntayo akirwaye.

Umuvugizi wa OMS Tarik Jašarević amenyesha ko yamara n’ubwo uwo mugabo basanze atagifise iyo ngwara ko bagiye kubandanya bamugumije mu kibanza ca wenyene mu kiringo kingana n’imisi icumi n’ine hanyuma iyo misi iheze bazosubira bamupime barabe koko ko yoba yarakize burundu.

Ayo makuru akaba kandi yemezwa n’ubushikiranganji bwitaho amagara y’abantu aho nyene mu Misiri yamara bukamenyesha ko uyo mugabo ari umunyamahanga naho butamenyesheje igihugu uwo mugabo akomokamwo.

- Advertisment -

Must Read

Ubucuti bwa Apôtre Jean Paul na Général Ntakavura Serges bugiye gutuma...

0
Bashajije nkuko babigize umugenzo bompi, abarongozi b' amashirahamwe y'inkino z'amaboko aribo  Apôtre Jean Paul Manirakiza aramutswa FEBABU, kumwe na Général Serges Ntakavura aramutswa ishirahamwe...