HomehomepageChungu yavuze icatumye batsinda Unité Fc

Chungu yavuze icatumye batsinda Unité Fc

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2020, niho umugwi Unité Fc w’imuyinga ku kibuga c’umuco wari wakiriye umugwi wa Delta Star wo mu gatumba mu rukino rw’indwi ya 2 y’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri. Urwo rukino rukaba rwarangiye Unité Fc itsinzwe na Delta Star igitsindo 1-0.

Inyuma y’urwo rukino twegereye Umumenyereza wa Delta Star Chungu Lambert kugira ashobore gutanga impamvu yatumye atsinda urwo rukino.

Chungu akaba yavuze y’uko barushije Unité Fc ubuhinga kuko babonye mu gice ca mbere abakinyi b’inyuma ba Unité Fc ata bukerebutsi bari bafise .

Akaba yagize ati :

“Twabarushije ubuhimga twabonye abakinyi babo b’inyuma badafise ubukerebutsi mu gice ca mbere duca twinjira mu gice ca kabiri n’ishaka ridasanzwe twafata umupira tugaca tuwutera imbere niho guca turonka igitsindo ca mbere baracanka duca turonka ikindi catumye tubatsinda “.

Mukamenya y’uko Chungu Lambert mu gice cambere c’ihigamwa ryo mu cicaro ca mbere Primus yamenyereza umugwi wa LLBS4A.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Rukiya Bizimana mu rutonde rw’abakinyi bahiganirwa agashimwe...

0
  Umukinyi w’intamba mu rugamba z’abigeme Bizimana Rukiya yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 10 bakiri bato  bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi mu nkino zo...