5.5 C
New York
Sunday, October 17, 2021
HomehomepageImpamvu yatumye Shassir Nahimana atagira umugwi abarizwamwo

Impamvu yatumye Shassir Nahimana atagira umugwi abarizwamwo

Mugihe abakunzi benshi b’umupira w’amaguru mu Burundi bama bibaza icoba catumye Shassir Nahimana ava mu gihugu ca Arabie Saoudite akabona kugaruka mu gihugu ciwe uyo mukinyi yasiguye icatumye atabandaniriza mu barabu.

Mu kiganiro umukinyi wo hagati w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba yakoranye na Platform Show TV uyo mukinyi yashoboye kuvuga y’uko yari yavuye muri Arabie Saoudite agaruka ngaha mu kuba ararindira kuja mu wundi mugwi mwiza usumba uwo yari afise.

Kubijanye no kwicara iki kiringo cose adafise umugwi abarizwamwo kuriwe ntaco bitumutwaye kuko abandanya akora imyimenyerezo mu migwi yigeze gukinira nka Inter Star hamwe na Vital’o mu kuba ararindira iyugururwa ryo kugura abakinyi no kubagurisha (Mercato) rizoba mu kwezi kwa Ruheshi uwu mwaka

Mukamenya y’uko Shassir Nahimana akunda kuba mu bakinyi 11 b’intamba mu rugamba bama batangura mu kibuga.

- Advertisment -

Must Read

Yvan Muziki yoba yagize ubugeni n’umunyarwandakazi Marina?

0
Ku musi w’ejo habonetse amashusho n’amasanamu ya Yvan Muziki hamwe n’umukunzi wiwe akaba n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Marina, baboneka mu mwambaro w’ubugeni. Ayo mashusho akaba yabonetsemwo abantu...