5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home Burundi Elvis Iradukunda yagizwe umuyobozi wa BETV

Elvis Iradukunda yagizwe umuyobozi wa BETV

Iryavuzwe riratashe inyuma y’imisi itari mike binurwanurwa y’uko Umumenyeshamakuru w’insamirizi Buja FM yakora ikiganiro c’inkino akongera akaba n’uwutegura ibiganiro muri iyo Nsamirizi Elvis Iradukunda ashobora kugirwa Umuyobozi w’imboneshakure BETV vyaraye bigiye mu ngiro.

Imbere y’uko Elvis Iradukunda atangura umwuga wo kumenyeshamakuru yabanje kwimenyereza ku nsamirizi n’imboneshakure ya Salama mu mwaka wa 2010.

Yakora ibiganiro vy’abaririmvyi hamwe n’ivyinkino munyuma mu mwaka wa 2015 yaciye yerekeza kuri Radio Buja FM ahakorera ikiganiro c’inkino kushika muri uyu mwaka wa 2020 bisigura y’uko yamahamaze imyaka 5.

Naho yagizwe nk’umuyobozi w’imboneshakure BETV ikunda kuboneka kuri Star times Elvis Iradukunda akaba yavuze y’uko ategerezwa kubandanya umwuga wiwe w’ubwanditsi n’ubumenyeshamakuru.
Indundi Sports ikaba Imwipfurije akazi keza.

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...