5.5 C
New York
Thursday, January 27, 2022
HomehomepageAbakinyi ba Aigle Noir bagiye kuza barajanwa mu Budagi

Abakinyi ba Aigle Noir bagiye kuza barajanwa mu Budagi

Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya kabiri  Ntwarante 2020,niho umukuru w’inama Nkenguzamateka Nyakubahwa Réverien  Ndikuriyo akongera akaba ariwe arongoye FFB, yamenyesheje  akoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi Facebook,ko umurwi wa ‘‘Aigle Noir C.S the fighters” , ubicishije kuri Academie Aigle Noir uriko  uritegurira gushira umukono ku masezerano yo gufashanya n’ishirahamwa Eurasia Institute ryo mu gihugu c’ubudagi.

Akaba yanditse ati:

“Umurwi wa AIGLE NOIR C.S THE FIGHTERS, ubicishije kuri ACADEMIE AIGLE NOIR uritegurira gushira umukono ku masezerano yo gufashanya n’ishirahamwe EURASIA INSTITUTE ryo mu gihugu ca’Ubudagi. Muri ayo masezerano yo gufashanya n’iryo shirahamwe rikazoza rirakira abakinyi ba AIGLE NOIR C.S THE FIGHTERS kira mwaka bakazohora baja muri camps d’entrainement muri ico gihugu.”

ACADEMIE AIGLE NOIR niyo izohora itegekanya  igitigiri c’abakinyi borungikwa  bivanye n’urugero (niveau) umukinyi wese azoba agezeko .

Bikaboneka yuko umurwi wa AIGLE NOIR THE FIGHTERS uzokura muri ayo masezerano akunguko gakomeye kuko  hozoba hari amahirwe menshi y’ukugurwa n’iryo shirahamwe.

- Advertisment -

Must Read

Ubucuti bwa Apôtre Jean Paul na Général Ntakavura Serges bugiye gutuma...

0
Bashajije nkuko babigize umugenzo bompi, abarongozi b' amashirahamwe y'inkino z'amaboko aribo  Apôtre Jean Paul Manirakiza aramutswa FEBABU, kumwe na Général Serges Ntakavura aramutswa ishirahamwe...