5.5 C
New York
Monday, January 18, 2021
Home homepage Nimubona Thierry yirukanywe muri Olympic Star

Nimubona Thierry yirukanywe muri Olympic Star

Kur’uyu wa Mungu waraye uheze, igenekerezo rya mbere Ntwarante 2020,  niho uburongozi bw’umurwi Olympic Star yo mu Ntara ya Muyinga bwafashe icemezo c’uguhagarika mu Kazi Nimubona Thierry, yari asanzwe ariwe umumenyereza waryo.

Indundi Sports yarashoboye kuronka akaryo k’ukuganira na bamwe bo muri mu burongozi bw’uwo murwi wa Olympic Star kugirango bamenyekanishe impamvu yoba yatumye bafata ico cemezo co kumwirukana. Iyo mpamvu nayo rero ngo si n’iyindi’ atari ugucanishamwo abakinyi hamwe n’ukurengera inzego zisanzwe zirongoye uwo murwi.

Nimubona Thierry rero akaba atandukanye n’uwo muri Olympic Star, mu kiringo yari amaze yari amaze kuwushikana mu kibanza ca 12 mw’ihiganwa rya Primus Leage. Mu kino 13 yamenyereje  uwo murwi, yatsinze 4; anganisha 3, atsindwa 6.

Must Read

Indirimbo ya Mow Kanzie na Olegue yamaze kwemerwa. None ni ryari?

0
  Indirimbo hagati ya Mow Kanzie na Olegue ngo irashobora kuboneka mu misi ya vuba, ivyo n’ibiheruka kwemerwa n’abo baririmvyi bose uko ari 2 biciye...