BurundiHealthhomepagekirundi

Ingenzi zigiye guhora zimara imisi 14 zikurikiranirwa mu kibanza ciherereye

Reta y’Uburundi yaraye itangaje ko kuva ubu ingenzi ziza mu gihugu zivuye mu bihugu bimwe bimwe birimwo Coronavirus ko bategerezwa kuzohora bashirwa ahantu imisi icumi n’ine bakurikiranwa mu ntumbero yo kwirinda ko ico kiza kihagera.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 5 Ntwarante 2020, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida Thaddée Ndikumana yamenyesheje ko kuva ubu ingenzi zose zizoba zivuye mu bihugu bivurwamwo iyo ndwara ya Coronavirus bategerezwa kuzoshirwa mu kibanza cabo kuva bagishika ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye mu kiringo kingana n’imisi icumi n’ine bakurikiranwa mu ntumbero yo kwirinda ko ico kiza kigera mu Burundi.

Izo ngenzi akazoba ahanini ari izizoba zivuye mu bihugu nk’Ubushinwa, Koreya yo mu bumanuko, Irani, Ubutariyano, Ubudagi, Ubufaransa, Ubuyapani hamwe na Espagne.

Mwomenya ko kuva iyo ndwara imenyekanye hemezwa ko abantu bagera ku bihumbi mirongo icenda na bibiri aribo bamaze kuyandura kw’isi, muri abo abarenga ibihumbi mirongo umunani akaba ari abo mu Bushinwa gusa. Kw’isi kandi abantu barenga ibihumbi bitatu baramaze guhitanwa n’ico kiza Ubushinwa catanguriyemwo akaba arico gihugu kimaze kubura abantu benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 588