5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home football BCM : Hussein Welo yatahukanye agashimwe k'umumenyereza yigenjeje neza mu kwa mbere

BCM : Hussein Welo yatahukanye agashimwe k’umumenyereza yigenjeje neza mu kwa mbere

Nkuko bizwi buri ukwezi abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi barongowe n’umumenyeshamakuru w’iradio Isanganiro Kwizera ISmail Nahodha bama batanga agashimwe k’umumenyereza mwiza yaranze ukwezi .

Ako gashimwe k’umumenyereza yitwaye neza mu kwezi kwa mbere ( Best Coach of the Month ) kakaba gatsindiye Umumenyereza wa Inter Star ariwe Nahimana Hussein Welo .

Aya niyo amategeko ya Staff ya BCM Burundi bumvikanyeko ingene bazohora batora Umumenyereza w’ukwezi .

Q1. Umumenyereza yaranze ukwezi atorwa gute muri BCM Burundi?

👉R1. Atorwa hisunzwe inkino umurwi wiwe waronkeye intsinzi mu nkino 4 umurwi uba wakinye. Nukuvuga amanota abaye menshi yaronse murizo nkino gusumba iyindi mirwi niwe atahukana BCM Burundi.

Q2. Mugihe vyoshika bakanganya ari babiri canke barenga?

👉R2. Ibi bikurikira:

A) Mugihe hazoba hari urukino rwabahuje murizo nkino 4 bakinye tuzoca dufatira aho kuri confortation directe.

B) Mugihe boba baranganije mururwo rukino tuca tugaruka no kurukino rwa mbere canke urwa kabiri mugihe zizoba zihari. Tutaravye ko vyoba vyararenganye.

C) Mugihe batoba bakinye naho haca hisugwa ibitsindo vyinjiye tutabanje gukuramwo nivyo binjijwe

D) Mugihe twosanga bingana tuzoca twifashisha ivyo binjijwe murizo nkino 4.

E) Mugihe bonganya ivyinjijwe n’ivyinjiye kandi ata nurukino barahura tuzoca twisunga aho bagiye barakirira nukuvuga, uwakiriye nyinshi muhira ntahabwa. Kazoca gatahukanwa n’uwasohotse cane gusumba uwundi.

Welo akaba agira kabiri atsindiye ako gashimwe inyuma y’umumenyereza wa Les lierres Ndayishimiye Arnaud yari yatsindiye agashimwe ku kwezi kwa Munyonyo mugihe Kigarama nta gashimwe batanze bivanye n’uko bari baruhutse gato kugira bitegurire igice ca kabiri c’ihiganwa rya Primus league .

Hussein Welo azohabwa agashimwe kangana n’ ibahasha ingana n’amafaranga ibihumbi 100 vy’amarundi hamwe n’igikombe.

Must Read

Abakurikirana Shaddy Boo basubijwe mu kibanza ciwe, yishize hejuru

0
Harya ng’uwuvuga aba atarabona, akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter, Shadia benshi bamenye nka SHaddy Boo yifatiye mu gahanga ivyamamare bitandukanye avuga ko ariwe afise...