5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home Handball #Handball&VolleyBall : Umusi wahariwe abakenyezi warahimbajwe biciye mu nkino

#Handball&VolleyBall : Umusi wahariwe abakenyezi warahimbajwe biciye mu nkino

 

Credit photo : Mishe Mishe Sports

Umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi warahimbajwe ku kibuga c’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokoma .

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 8 Ntwarante 2020, abakemyezi bakukurutse mu nkino z’amaboko Handball na Volley ball baragiye hamwe batunganye inkino mu ntumbero yo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

Ivyo birori bikaba vyatangujwe n’urugendo ruto rukaba rwakurikiwe n’urukino rw’amaboko Handball rukaba rwahuje abapfasoni bakinye kera ubu bakukurutse bahurikiye mu murwi bise mother’s team na Galaxie w’abakiri bato. Urwo rukino rwari rubereye ijisho cane rukaba rwarangiye Galaxie ihurikiyemwo imiyabaga itsinze abakukuruke ba mother’s team 22 kuri 16.

Inyuma y’urwo rukino haciye hakurikira urundi rukino rw’amaboko bita volley ball. Naho nyene abakiri bato batsinze bigoranye abakukuruke seti zitatu kuri 2, izo nkino zikaba zarangiye mu kanyamuneza mbere bakaba baciye baja hamwe kwivuna umusase .

Nelly Arlette Nininahazwe ari mu bateguye izo nkino amenyesha ko bateguye uwo musi kugira abakukuruke bereke abakobwa bakiri mu mahiganwa ko babashigikiye .

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...