5.5 C
New York
Monday, May 10, 2021
Home Handball Handball : Muzinga na Sisters batahukanye ihiganwa ry'intango

Handball : Muzinga na Sisters batahukanye ihiganwa ry’intango

Imirwi ya Muzinga mu bagabo na Sisters mu bigeme niyo yaraye itahukanye ihiganwa ry’intango ry’i Bujumbura (tournoi d’ouverture) kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020 ku kibuga citiriwe ubushikiranganji bw’inkino.

Imirwi itandukanye yarahuye ku wa gatandatu mu gice ca kabiri c’iryo higanwa, imirwi nka Muzinga,Intwari , SOS na Rukinzo ariyo yahoze yitwa golden team niyo yitavye iryo higanwa mu bagabo.

Mu rukino rwa nyuma ku w’Imana , Sisters mu bigeme yatsinze Rumuri 23-14 .

Mu rukino rundi rwari rurindiranywe igishika hahuye Muzinga na SOS .
Muzinga ikaba yarerekanye ubuhinga budasanzwe mu gutsinda SOS 32-22.

Haciye hatangwa ibikombe n’ubundi bushimwe ku mirwi yitwaye neza umwaka uheze Intwari na Sisters yatahukanye ihiganwa riheruka ry’i Bujumbura.

Abakinyi Ihorizana Armel wa Muzinga na Hakizumukama Nadège wa Sisters nibo bashimiwe .

Must Read

Esther Nish ngo Urwo ruhererekana rw’ibiteramo ni no mu ntumbero yo...

0
Uruhererekane rw’ibiteramo, n’ishirwa ahabona ry’urukurikirane rw’indirimbo nivyo umuririmvyi Esther Nish n’abasahirizi biwe, Bukiv Label bari baramutse bayagira abamenyeshamakuru ku musi w’ejo igenekerezo rya 7...