Imirwi ya Bibamba beach na Bunge niyo yaronse itike yo gukina urukino rwa nyuma mw’ihiganwa rya Soccer beach ry’uno mwaka nkuko indundi sports yabimenyeshejwe na Juma Musoma arongoye igisata c’umupira wo ku musenyi na futsal.
Ku musi w’imana, igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020 isaha z’ibiri zo mugatondo ku kibuga ca Safi Beach niho hazosozerwa iryo higanwa hakaba hategekanijwe inkino zibiri kuri uyo musi. Urukino rwa mbere rukazoba ari urwa kivandimwe hagati y’intamba na Saga sable. Inyuma y’urwo rukino hazoca hakinwa final hagati ya Bibamba beach fc na Bunge.
Arsène Bucuti ajejwe kumenyekanisha urwo rukino ahamagarira abakunzi barwo kuza kururorera uwo musi.
Indundi sports ikaba yifurije ibihe vyiza n’imyiteguro myiza abazokina final.