Healthhomepagekirundi

Jack Ma nyene Alibaba yatanze imfashanyo kuri UA yo gukinga ikiza ca COVID-19

Jack ma atwara Alibaba arikumwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie

Ubushinwa bwemeye kugira ico butanze kugira ikiza ca Corona Virus gituzwe ku mugabane wa Afrika. Muvyo bemeye gutanga harimwo uburyo bwo gupima ico kiza, ama Mask yambarwa, co kimwe n’impuzu zambarwa n’abariko barafasha abo bagwayi.

Amakuru dukesha ikinyamakuru RFI avuga ko umuryango w’ibihugu vyunze ubumwe bwa Afrika “Union Africaine”, wamaze gushikirizwa udukoresho two gupima iyo ngwara 2000, bakaba hakirindiriwe utundi 10 000, co kimwe n’ibindi bikoresho vyo kwa muganga.

Ivyo ubushinwa bukaba bubikoze inyuma yaho umunyamafaranga Jack Ma yamenyeshereje ko abicishije mu mashirahamwe adaharanira inyungu asanzwe afise ngo bagiye guha Ingabire z’ibikoresho vy’ugupima iyo ngwara COVID-19 kuri buri gihugu gihurikiye muri uwo muryango.

Buri gihugu kikaba kizohabwa udukoresho two gupima iyo ngwara 20,000 (Kits de test), Mask 100, 000, hamwe n’impuzu zitandukanye zambarwa n’abariko bafasha abagwayi 1, 000 (Combinaison de Protection). Ubwo bufasha uwo munyamafaranga akaba yabushikanye ku bihugu bindi vyo ku mugabane wa buraya, amerika co kimwe na Asia.

Gushika ubu Afrika ikaba ariwo mugabane uharurwako abamaze gufatwa n’iyo ngwara bake cane, bakaba bamaze gushika ku 1300, nayo abashika kuri 40 bakaba aribo bamaze guhitanwa n’iyo ngwara. Igihugu kimaze kubonekamwo abagwaye benshi akaba ari Egypte, n’abagwaye 294, 6 bakaba bamaze kwitaba Imana, hagakurikira Afrika y’epfo imaze kubona abashika 274 hamwe n’abashika 201 muri Algerie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 573