Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

Basketball : Umwe mu batanguje New stars yahinduye umurwi

Ntibikiri urukurukuru, uwahoze ari umumenyereza wa New stars Aimé Bitagoye yahawe amabanga mashasha muri Gymkhana.

Aimé Bitagoye ni nde?

Aimé Didier Bitagoye n’izina rizwi cane mu rukino rwa basket-ball na cane cane muri New stars canke mu murwi nserukiragihugu.
Bitagoye ni umurundi akaba yavutse kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 1974 yakuriye muri Rohero neza na neza muri quartier Mutanga-sud akaba yamenyekaniye muri Kern ikimenyerezwa na Nkengurutse Francois yigeze kuba arongoye ishirahamwe rya basketball mu Burundi.

Inyuma y’imyaka itari mike ari muri Kern, Bitagoye ari mu bakinyi biyonkoye kuri Kern akaba yarikumwe n’umumenyereza Nkengurutse hamwe n’abandi bakinyi bahavuye baba ibihangange nka Blaise Mbonerane ,Olivier Ntungane batazira Kijumbu, Nzeyimana Olivier alias Zède na mukuruwe Nzeyimana Prosper alias Polo hamwe n’abandi nka Niyonzima Guillaume tutibagiye Niyongabo Jérôme baca batanguza umurwi New stars ico gihe hari mu myaka ya 2002-2003 uyo murwi washitse utwara igikombe. Ngira muca mwumva uruhara yagize mu kwubaka uyo murwi,aho twokwongerako ko yazanye abandi bakinyi nka Freddy Kambayeko haciye umwaka hiyongerako Sokoroza Francis Savuka yaraje ava muri Miru , Butoyi Christian Mayeri na Ndikumana Bruce yaguzwe ico gihe muri les Amis biyongera ku bandi bakinyi nka Djunga Patrick, Estache Bahigeze, Christian Nshimirimana Ndindi , Lionel Nkurunziza , Armel Nzobambona ,Cédric Sinarinzi alias Kadhafi n’abandi.
New stars ica itangura kwitwa umukeba w’umurwi Urunani aho uwo murwi watanguye gukomera cane wari urongowe na Herman Ndayisaba .

Muri New stars babivugako iki?

Ukuva muri New stars kuri uyo yigeze kuba umumenyereza akaba n’umuyobozi muhinga muri uwo murwi ntikwamenyekanye cane. Ariko mu buyobozi bw’uwo murwi yahozemwo New stars, baramwifurije kugira ibihe vyiza iyagiye mu murwi mushasha bikaba vyashikirijwe na Elie Bunuma arongoye uwo mugwi ku rukuta rwiwe rwa Facebook.

Aimé Bitagoye akaba yagenywe ngo abe umumenyereza mukuru akongera akaba umuyobozi muhinga muri Gymkhaana umurwi waheruka gutahukana ihiganwa rya ACBAB .

Tubibutse ko Aimé Bitagoye yaramaze imyaka 18 muri New stars akaba yaranize ivyo kumenyereza basketball i Bulaya .

Indundi sport imwifurije ibihe vyiza mu murwi mushasha agiyemwo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684