5.5 C
New York
Friday, January 28, 2022
HomeBasketballBasketball : Gymkhana na Kern bigenjeje neza

Basketball : Gymkhana na Kern bigenjeje neza

Mu kurindira ko ihiganwa rya basketball ritangura mu gisagara ca Bujumbura , imirwi ibandanya yitegura bakaba bariko barakina inkino za kivandimwe.

Kuri uyu w’Imana ,igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020 ku kibuga ca departement harakinwe inkino zibiri za kivandimwe.

Isaha zine kuri ico kibuga Gymkhana imenyerezwa na Aime Didier Bitagoye yatsinze Urunani ku manota 67 kuri 55 y’ Urunani.
Mu rundi rukino, Kern iheruka kwikomeza mu gutsinda Mutanga united 78 kuri 58.

Christian Niragira alias Meddy arongoye ACBAB kuri micro ya y’imboneshakure Betv yamenyesheje ko hagiye kuza imirwi mishasha mw’ihiganwa rigiye gutangura nka Aigle noir mu bagabo n’iyindi yagarutse nka Gasenyi B, Intwari B , A S Kinindo hamwe na ABA yahinduye izina igiye kwitwa Holly center Basketball club.

- Advertisment -

Must Read

Urubuga rwa Youtube rw’umuririmvyi Berry Music rwibwe

0
Urubuga rwa youtube rw’umuririmvyi Berry Music ngo rwaribwe n’abantu bataramenyekana, ubu akaba ari akababaro ariko ngo abahinga bari ku kivi. Mu gihe abakunzi b’ibikorwa vy’uwo...