Coronavirus : Umuyobozi mukuru w’igiporisi asaba abanyagihugu kutagira ubwoba

0
501

Umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe gukinga ibiza n’isibe asaba abanyagihugu kutagira ubwoba kubera ikiza c’umugera wa corona ngo kuko n’indwara ikira.

Antoine Ntemako yabishikirije, kuri uyu wa gatatu i Gitega, mu nyigisho ziriko zihabwa abaporisi bakorera ku mbibe n’abajejwe gukinga ibiza n’isibe ku bijanye n’ico kiza n’ingene bokwigenza mu kazi.

Antoine Ntemako asaba ababonanye nabo bamenyekanye ko bamaze kwandura iyo ndwara kwihutira kuja kwa muganga.