5.5 C
New York
Wednesday, January 19, 2022
HomefootballIkibanza kizokwubakwamwo ikibuga mpuzamakungu camenyekanye

Ikibanza kizokwubakwamwo ikibuga mpuzamakungu camenyekanye

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020, niho nyakubahwa Reveriano Ndikuriyo atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera agatwara n’inama Nkenguzamateka yatanga ibikoresho vy’inkino ku migwi itandukanye , akaba yaronse n‘akaryo ko gucishako mu kuvuga ikibanza catowe kuzokubakwamwo ikibuga mpuzamakungu Uburundi bwemerewe kubakirwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA .

Ikibanza catowe kikaba kiri muri komine Muha zone Kanyosha benshi bita kwa Sebatutsi  mbere na Reta y’Uburundi ikaba imaze kwemera gutanga Hegitare 20 kugira ico ikibuga mpuzamakungu kizotwara imiriyoni 18 zirenga z’amadorari y’abanyamerika.

Si Uburundi bwonyene buzokubakirwa ico ikibuga hari n’ibindi bihugu bigera kuri 53 vyo muri Africa FIFA yemeye kuvyubakira ibibuga biri ku rwego mpuzamakungu.

Mukamenya y’uko ico kibanza co kwa Sebatutsi arico ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryahisemwo gutora mugihe hari hamaze kuboneka ibindi aho twovuga ikiri mu Kabezi , Maramvya , hamwe na Gihanga .

- Advertisment -

Must Read

Indyarya ya Emery Sun ngo niyo yaje guhumuriza abatari abakunzi b’ibishegu

0
Umuririmvyi w’umurundi azira igishegu ngo ni Ir Emery Sun, ivyo ni ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi akaba kandi n’umuhinyanyuzi Pacifique Nzitonda benshi bazi nka Paci Etoile...