5.5 C
New York
Saturday, December 4, 2021
HomefootballUmukuru wa FFB aragabisha abatabura amatapi ku mvo z’uburozi

Umukuru wa FFB aragabisha abatabura amatapi ku mvo z’uburozi

 

Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020, isaha zitanu 11h00 zo mu gitondo kuri ( CTN) Centre Téchnique National aho umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB nyakubahwa Reveriyano Ndikuriyo yatanga ibikoresho ku migwi ya hano iwacu ikina mu vyicaro bitandukanye .

Amwe mu majambo yashikirije akomeye ni ukugabisha canke guha gasopo abatabura amatapi n’urwembwe ngo bariko barashiramwo uburizi.

Akaba yagize ati : «Ngaha mu gisagara ntimworoshe mwafashe ( Synthetic) itapi yacu iri ngaha muratabura ngo muriko murashirayo ibirozi Imana ibahezagire, dukoresha umuriyaridi urenga mu kuzana itapi ( Synthetic) , umuntu agaca azana urwembe arondera amanota azomutwarahe ayo manota mbe utsinze ujahe? Ko ugenda Zamalek ikagukubita umunani ukinisha ba bana badakomeye badafungura ukagenda n’urwembe ukagata ntidufise rapport urwembe kata birabishe.

Twebwe i Makamba tuzorasa uwozana urwembe n’amasasu azovuga iyumvire kuzana urwembe ku muriyaridi vraiment  ngo uriko urondera amanota atatu ataho ujana ugaca ukeba n’urwembe n’abakinyi bakina ntubahemba ugaca uja gutabura ikintu c’umuriyaridi , erega biradushavuza kandi sinoronka n’iyo ndabivuga i Gitega ntibagitabuye n’urwembe none tuzotera imbere gute mugihe abantu batumva n’iterambere icarico none tugirente ? Mu bisanzwe abantu nibo bategerezwa kuducungira mugabo usanga abarimwo nyene nibo babisambura »

Mukamenya y’uko ivyo bintu vy’uburozi mu bihugu bimwe bimwe vyo muri kano karere bavyiyamirije mbere baranavuga y’uko abazobikora bazohanwa.

- Advertisment -

Must Read

Neymar ngo azosubira mu kibuga mu mwaka uza wa 2022

0
Neymar Junior ngo indwi ziri hagati ya 6 n’8 nizo zishobora kuzohaca imbere yuko uwo musore w’umunya Bresil asubira kuboneka mu gitigiri c’abakinyi ba...