5.5 C
New York
Wednesday, May 12, 2021
Home Burundi Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyatanguye kuduzwa igiciro

Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyatanguye kuduzwa igiciro

Ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa nk’umuceri n’ibiharage bimaze imisi vyongeweko amafaranga ashika ku majana atandatu ku kilo kimwe (600Fbu) mw’isoko nkuru yo mu gisagara ca Rumonge.

Iryo duzwa ry’ibiciro ku bifungurwa bimwe bimwe rikaba ahanini riva kukutagisohoka igihugu kw’abadandaza bahora baja kubirangura mu bihugu bibanyi kubera ikiza ca Coronavirus.

Yamara n’aho biri uko, abaguzi bo baguma babisuma ku bwinshi bavuga ko naho bizimvye bategerezwa kubigura mu ntumbero yo gutegekanya ivyo bokwikorako hamwe vyobura.

Iryo duzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa rikaba ryibonekeza no mu gisagara ca Bujumbura kuva aho ubushikiranganji bwo kwitaho amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyeshereje ko bwatoye abantu babiri banduye ico kiza ca coronavirus.

Must Read

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 28

0
Inyuma y’inkino z’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league rigiye kubandanya kundwi yaryo ya 28, igenekerezo rya 14 Rusama...