Hasigaye amasaha ari kurushi ngo asohore amasanamu y’indirimbo nshasha

0
942

Mu gihe hari hamaze igihe ashikirije amajambo adasanzwe agira ko agiye kuzana impinduka mu muziki ndundi, Vg Wawa ngo buca yerekana ko atayaze amasigaracicaro.

Nk’uko yabiganiriye Indundi Magazine, Vg Wawa amenyesha ko mu masaha ari kurushi agira arekure clip video y’indirimbo yataziriye “Dori”, indirimbo avuga ko yakozwe kubuhinga butandukanye n’uko yahora akora izindi akaba yagize ati :

Uko vyari bimenyerewe siko bikiri. Wawa mwari mumenyereye aje nka mushasha, intambwe, ibikorwa, speed na styles bishasha. Aho bukera kuwagatatu, Video yanje nshasha izoba igiye ahabona. Twirinde Corona Virus kugira tuhashike turi bazima kubw’Imana”.

Vg Wawa akamenyesha ko iyo ndirimbo izosohokera ubwa mbere ku mbuga asanzwe akoresha nka Youtube, Facebook, Instagram na Twitter kw’izina rya Vg Wawa.