5.5 C
New York
Thursday, October 28, 2021
HomefootballSaidi Ntibazonkiza agiye kutaboneka mu rukino rwa Musongati Fc

Saidi Ntibazonkiza agiye kutaboneka mu rukino rwa Musongati Fc

Kizigenza w’umugwi wa Vital’o Fc Ntibazonkiza Saidi agiye kutaboneka mu rukino rw’igice ca 4 gishira icanyuma c’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu c’urukino rwo gusubiriza ruzohuza Umugwi wa Musongati Fc hamwe na Vital’o Fc ruzoba Ku musi w’Imana igenekerezo rya 12 Ndamukiza isaha icenda 15h00 Ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega .

Saidi Ntibazonkiza akaba yaragize ikibazo k’ukuboko kwiwe mu rukino rw’ihihanwa rya Primus league rwabahuje na Messager Ngozi aho iyo migwi yose yanganije 0-0.

Aganira na Indundi Sports Saidi Ntibazonkiza yavuze y’uko bigoye cane kuboneka muri urwo rukino bivanye n’ingene yumva ububabare afise, akaba yagize ati” Sinibaza y’uko nzoboneka mu rukino rwo ku musi w’Imana kuko narababaye cane rwose nari kwa muganga gupimwa basanga nagize shoke ko muri Circulation hari n’igihe ndiko ndatembera nkumva y’uko ndiko ndababara kugorora ukuboko hoho sinshobora sinibaza rero y’uko nokina ntariko ndakinisha amaboko”.

Saidi Ntibazonkiza akaba ari umwe mu bakinyi ngenderwako b’umugwi wa Vital’o Fc ukubura kwiwe gushobora gutuma ikibanza ciwe gihobahoba .

- Advertisment -

Must Read

SAT-B ngo yasabwe gukora arekane n’abavuga gusa

0
Abantu bahanuye Sat-b gukora gusumba kwishinga abavuga, ivyo bikaba bishikirijwe ku rubuga rwiwe Aho yariko amenyesha abantu ko Imana ariyo yamukuye mu bworo. uwo muririmvyi...