5.5 C
New York
Monday, October 25, 2021
HomefootballUyu niwe yasubiriye Joslin Bipfubusa muri Aigle Noir

Uyu niwe yasubiriye Joslin Bipfubusa muri Aigle Noir

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2020, niho umugwi wa Aigle Noir wari wakiriwe na Burundi Sports Dynamic mu rukino rw’indwi ya 27 ya primus league , urwo rukino rwarangiye BS Dynamic inyagiye Aigle Noir ibitsindo 4-1.

Inyuma yurwo rukino, uburongozi bw’Umugwi wa Aigle Noir bwaciye bufata ingingo yo guhagarika mu kazi ivyagateganyo Umumenyereza wawo Joslin Bipfubusa bivanye n’uko ku ndwi y’urukino atigeze amenyereza umugwi wiwe kuko yari i Bujumbura .

Ubwo burongozi bwaciye bumuha akaruhuko bumubwira y’uko azogaruka mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020-2021 mbere buranavuga y’uko umugwi muri kino gihe ugiye kumenyerezwa na Niyonkuru Gustave yari asanzwe amenyereza umugwi w’abakiri bato wa Aigle Noir uba mu ntara ya Gitega hamwe na Aimé Nzohabonayo yari asanzwe ari icegera ca Joslin Bipfubusa.

Niyonkuru Gustave rero akaba yaraye atanguye akazi kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 07 Ndamukiza 2020 ku kibuga c’i Makamba .

Niyonkuru Gustave asanzwe afise Licence A , Amaze kumenyereza umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17 hamwe n’uwutarenza imyaka 20.

Mukamenya y’uko n’aho Joslin Bipfubusa yahagaritswe vy’agateganyo muri uwo mugwi azobandanya ahembwa ukuri kwamye .

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Ni igiki coba catumye Ferouz Haruna asubirira...

0
Haciye imisi uwahora ari umumenyereza mukuru wa Flambeau de l’Est Kabera Christian batazira Morinho yirukanwe muri uwo mugwi . Amakuru yashikiriye Indundi Sports ariko ataremezwa...