Ikigega co gufashanya muri Afrika kimaze gufasha mu migambi igera kuri 18, yaba iya Reta canke iy’abikorera utwabo mu Burundi.
Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta kuri uno wa kane igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2020 aho yari yaramutse ashikiriza imbere y’abashingamateka impinyanyuro y’itegeko rigenga ikigega co gufashanya muri Afrika kugira bayemeze, integuro yemejwe ijana kw’ijana n’abashingamateka bari bitavye ibikorwa vy’uyo musi.
Umushikiranganji Domitien Ndihokubwayo akaba yahagariye abagwizatunga hamwe n’abandi bavyipfuza kwitura ico kigega mu migambi yabo batunganya yo kwiteza imbere.