5.5 C
New York
Monday, January 25, 2021
Home Burundi Abandi bantu 2 basanze baranduye umugera wa Covid-19

Abandi bantu 2 basanze baranduye umugera wa Covid-19

Mu kiganiro yahaye bamwe mu bamenyeshamakuru, umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Thaddée Ndikumana ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu waraye uheze, igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2020, yamenyesheje ko hari abandi bantu babiri basanze bafise umugera uterwa na Corona ariwo Covid-19.

Abo bantu babiri baraye batowe bakaba biyongereye ku bantu batatu bari basanzwe bazwi ko banduye uwo mugera.

Uretse umwe muri ari abo ariko ahabwa imiti ikaze mu bitaro vyitiriwe Kira Hospital kubera aremvye, umushikiranganji Thaddée Ndikumana amenyesha ko abo bandi bane amagara yabo yifashe neza kugera iki gihe.

Mwomenya ko gushika ubu mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, abamaze kumenyekana ko banduye Covid-19 bagera ku 405 : mu Burundi ni 5Kenya 191 , mu Rwanda 120, muri Sudani yo mu bumanuko 4, Tanzaniya 32, nayo mu Buganda akaba ari abantu 53.

Must Read

Platini ngo aronse ah’aca Shaddy Boo Ubwiza bwiwe ntiyobwitesha

0
  Platini yigeze kuba ari muri Dream Boys ngo ntaho yohera yanka kugiriranira imigenderanire y’urukundo na Shadia benshi bazi nka Shaddy Boo. Ivyo akaba aheruka...