5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home football Coupe du Président : Musongati Fc yaraye isezereye Vital'O fc

Coupe du Président : Musongati Fc yaraye isezereye Vital’O fc

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2020, ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega niho umugwi wa Musongati Fc wari wakiriye umugwi wa Vital’o Fc mu rukino rwo gusubiriza rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu .

Iminota 90 y’urukino yarangiye iyo migwi inganije 0-0 , bongereza iyindi minota 30 ya Prolongation urukino rurahera banganije 0-0 , niho guca batera za penariti , umugwi wa Musongati Fc winjiza 4 Vital’o yinjiza 2 Musongati ubona gukatisha itike yo gukina igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu.

Mwomenya y’uko muri urwo rukino habayemwo ikatara zibiri zitukura imwe y’umukinyi wa Musongati iyindi y’umukinyi wa Vital’o Fc .

Iyindi migwi yakatishije itike yo gukina igice ca kabiri gishira icanyuma ni Rukinzo Fc yatsinze Buhumuza ibitsindo 2-O mugihe mu rukino rwo gutangura wari watsinze uyo mugwi igitsindo 1-0 ( aggr 3-0), Aigle Noir i Makamba ikaba yatsinze umugwi wa Athletico Academy ibitsindo 2-0 mugihe no mu rukino rwo gutangura yari yanyagiye uyo mugwi ibitsindo 4-2 (Aggr 6-2), Inter Star yatsinzwe na Buja city ibitsindo 2-1 , mugihe mu rukino rwo gutangura Inter Star yari yabatsinze ibitsindo 2-0 ( Aggr 3-2) hamwe rero na Musongati Fc yatsinze Vital’o Fc kuma penariti 4-2 mugihe mu rukino rwo gutangura bari banganije 0-0

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....