Inyuma y’aho ubushikiranganji bwo kwitaho amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyeshereje ko abantu bane bari baranduye ikiza ca coronavirus ko basubiye kubapima mu nyuma bagasanga barakize, ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore vyahavuye bibaha uruhusha rwo gusohoka ibitaro babone gusubira mu miryango yabo.
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka w’2020, umushikiranganji wo kwitaho amagara y’abantu no kurwanya Sida, Thaddee Ndikumana yamenyesheje ko abo bane batakirangwako ico kiza ko bashobora gutaha mu miryango yabo kuva uno musi nyene.
Umushikiranganji Ndikumana yaboneyeho kandi kumenyesha ko mu bandi bantu bagera kw’198 baheruka kugirirwa ibipimo basanze harimwo batanu banduye ico kiza ca Coronavirus bakaba bariko barakurikiranwa.
Yaboneyeho kandi kwibutsa abarundi bose ko bobandanya bakurikiza amabwirizwa y’isuku bahabwa n’abaganga mu ntumbero yo kwikingira ico kiza.