footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Liverpool mu nzira yo kugarukana Philip Coutinho

Abatwara umugwi wa Liverpool batanguye ibiganiro nabasanzwe bahagarikira ibikorwa vya Philip Coutinho bitwa aba Agents kugira barabe ingene bogarukana uyo munya Brezile mu mugwi wabo mu kwezi kwa Rusama igihe igura n’igurishwa rizoba ryuguruwe .

Philip Coutinho yavuye mu mugwi wa Liverpool mu mwaka wa 2018 aguzwe n’umugwi wa Fc Barcelona imiriyoni 142 zama Paundi , inyuma yaho Fc Barcelona yaciye imutiza mu mugwi wa Bayern Munich wo mu gihugu c’ubudagi bivanye n’uko urugero rwiwe rutigeze rubashimisha .

Umugwi wa Chelsea nawo ukaba uri ku rutonde rw’imigwi yipfuza uyo mukinyi hamwe na Tottenham tutibagiye na Paris Saint Germain.

Mwokwibuka y’uko Philip Coutinho mu nkino zose 201 yakiniye Liverpool yatsinze ibitsindo bishika kuri 54.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 379