5.5 C
New York
Wednesday, December 1, 2021
HomehomepageVolleyball: Rukinzo irahabwa amahirwe yo gutahana igikombe

Volleyball: Rukinzo irahabwa amahirwe yo gutahana igikombe

Ihiganwa rya volley ball i Bujumbura risigaje Umusi umwe ngo rirangire. Mu mpera zino ndwi imirwi itandukanye ikaba yarahiganywe.

Icerekana ko Rukinzo ihabwa amahirwe menshi yo gutahana igikombe nuko kuva ihiganwa ritangura imaze gutsindwa iseti nke gusumba.

Mu nkino ziheruka kuba uyo murwi wazitsinze zose.
Ku wagatandatu Rukinzo yirahiye Muzinga ,Bisoro itangaza Gacosmos mu kuyitsinda iseti 3 ku busa Hama amical itsinda BUN iseti zitatu ku busa, mu bigeme Muzinga yatsinze Panthers iseti zitatu ku busa hama Gender light club bita GLC itsinda Les As zitatu ku busa.

Izo nkino zarabandanije Rukinzo itsinda Bisoro iseti zitatu bu busa,BUN itsindwa na Gacosmos seti zitatu kuri imwe hama Amical itsinda zitatu kuri imwe.
Mu bagore naho GLC yatsinze Muzinga iseti zitatu kuri 2 .

Mwomenya yuko iryo higanwa rizorangira kw’igenekerezo rya 2 Rusama 2020

- Advertisment -

Must Read

Muri Hipipo Music Awards ibihangange ngo ntaco bizohanoba Imbere ya Natacha

0
Indirimbo nshasha pakuchena ya Natacha ngo itegerezwa gutahukana agashimwe mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Uganda irimwo, Hipipo Music Awards, ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwahoze ari...