5.5 C
New York
Sunday, April 18, 2021
Home Burundi David ngo ntiyahagaritse umuziki, yahinduye uburyo awukora

David ngo ntiyahagaritse umuziki, yahinduye uburyo awukora

David Nduwimana ngo ntiyahagaritse umuziki ariko icabaye nuko yahinduye uburyo akoramwo umuziki gusa, n’ayahandi ibikorwa ngo biracakorwa ukuri kwamye.

Mu kiganiro n’imboneshakure yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo muririmvyi abarizwa muri Australie muri kino gihe, yabajijwe nimba yari yarahagaritse umuziki muri ino myaka 7 amaze muri ico gihugu. Yabihakanye ahubwo avuga ko yahinduye uburyo yakoramwo umuziki.

Muri ico kiganiro David yavuze ko yarasigaye aririmba indirimbo ziri mu rurimi rw’icongereza, ngo kuko yasanze hariya umuziki uvuzwa, canke ukorwa uburyo butandukanye cane n’ubwo bari basanzwe bakoramwo akiri I Burundi.

Ariko akaba yavuze ko muri kino gihe yagarutse kuririmba indirimbo ziri mu rurimi kavukire. Aho ni nk’indirimbo Mu bwigobeko aheruka gushirira ahabona amasanamu y’amajambo arimwo bita mu kinyamazuru “Lyrics Video”.

Ku batamwibuka David Nduwimana n’umwe mu baririmvyi bari mu murwi wo guhimbaza no gutazira mw’isengero Life Center mu Nyakabiga, akaba kandi n’umwe mu bari bagize umurwi Shemeza Music, ariko kandi akaba yarasanzwe aririmba ku ruhande rwiwe aho yasohoye indirimbo zitari nke zirimwo Yesu niwe canke Urashoboye.

Must Read

Ibibanza bizokwimurirwamwo abatewe n’amazi mu Gatumba vyamaze kuboneka

0
Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga impanuka rufadikanije n’ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara rumenyesha ko ibibanza vyo kwubakamwo amazu bigera kw'ijana na mirongo itanu bimaze gutegekanywa,...