5.5 C
New York
Friday, May 14, 2021
Home football FIFA yongereje igitigiri c'abakinyi bazohora basubirira abandi mu kibuga

FIFA yongereje igitigiri c’abakinyi bazohora basubirira abandi mu kibuga

Komite y’ishirimwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA igiye kwongereza igitigiri c’abakinyi bazohora basubirira abandi mu kibuga ni ukuvuga bavuye kuri batatu gushika kuri batanu mu rukino rumwe.

imvo yatumye bahitamwo gufata iyo ngingo ni kubera gufasha abakinyi bamaze imisi itari mike batariko barakina kubera ingwara ya Corona virus imaze amezi iriko itarikiza inganda kw’isi .

Iryo tegeko rikaba ritazomara ikiringo kinini mu mpera z’umwaka wa 2021 rishobora kuba ryakuweko igihe ubuzima busanzwe buzoba bwagarutse.

Mwomenyako  ayo mategeko ari mu minwe y’ishirahamwe IFAB riraba amategeko y’umupira kw’isi .

Must Read

#Sat B| Ikinyobwa Cambiye (waragi)kirateye induru mu banye dini

0
Mu gihe asigaye ari umuserukizi wa Crown Royal ishirahamwe risanzwe rikora Ikinyobwa Cambiye mu bwoko bw'ama liquer( waragi). Sat B yatowe ngo abe Ambassadeur yemererwa...