5.5 C
New York
Tuesday, January 26, 2021
Home football Igihanwa ryo mu Bufaransa ry'uyumwaka ryoba ribaye impfa gusa?

Igihanwa ryo mu Bufaransa ry’uyumwaka ryoba ribaye impfa gusa?

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2020, Niho umushikirangaji wa mbere w’igihugu c’ubufaransa Edouard Philippe ari imbere y’abashingamateka yamenyesha y’uko inkino zose  za Sports Professionnels harimwo n’izumupira w’amaguru zihuza abantu barenga ibihumbi 5000, zitemerewe gutangura imbere y’ukwezi kwa Nyakanga uyu mwaka wa 2020 kubera ingwara ya Coronavirus .

Ivyo bikaba vyaraye bibaye inyuma y’uko Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bufaransa riheruka kumenyesha y’uko ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere (League 1 )rizobandanya ata barorerezi igenekerezo rya 17 Ruheshi rikarangira igenekerezo rya 25 Mukakaro ariko vyose vyaraye bihinduwe .

Ntawuramenya y’uko muri uko kwezi kwa Mukakaro ariho iryo ihiganwa rizobandanya ariko benshi bakavuga y’uko iryo higanwa ryo muri uno mwaka rishobora kuba ryafutswe burundu .

Must Read

Platini ngo aronse ah’aca Shaddy Boo Ubwiza bwiwe ntiyobwitesha

0
  Platini yigeze kuba ari muri Dream Boys ngo ntaho yohera yanka kugiriranira imigenderanire y’urukundo na Shadia benshi bazi nka Shaddy Boo. Ivyo akaba aheruka...