5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home homepage Volleyball : Rukinzo na Muzinga y'abakenyezi nizo zatahukanye ihiganwa

Volleyball : Rukinzo na Muzinga y’abakenyezi nizo zatahukanye ihiganwa

Umurwi wa Rukinzo mu bagabo na Muzinga mu bakenyezi niyo yatahukanye ihiganwa rya volley ball i Bujumbura.

Iyo mirwi yarakoze ibikomeye kuko yahuye n’imirwi ikomeye nka Amical yaheruka gutwara ihiganwa riheze, Gacosmos, Bisoro, Muzinga, BUN aho ni mu bagabo mu gihe Muzinga y’abagore yarushije imirwi nka GLC, Les As, Panthers na New colombe. Abakinyi bahuye niyo mirwi yatwaye igikombe babwiye  ikinyamakuru canyu ko Rukinzo ikomeye hagati kubatanga imipira (passeurs ) no kuzibira (Bloc) mu gihe abahuye na Muzinga y’abakenyezi imenyerezwa na Minani Jérémie bemeza ko ari umurwi ufise uburambe cane.

Aganira na indundi.com uwurongoye ishirahamwe rya volley ball i Bujumbura Avab Claver Ngendakumana batazira Barbare yarashimye urugero umupira wa volley ugezeko ngo kubera imirwi yikomeje cane akaba yarashimye n’ukuntu abarongoye imirwi bitanga.

Must Read

Eddy Kamoso ngo ntaje gupima akarere, agarutse gukora umuziki

0
  Eddy Kamoso ngo yarabonye Imana ikora muri iyi myaka 5 iheze asubiye gukorera I Kigali, iyo ngo niyo mpamvu nyezina yatumye yandika indirimbo “Ndiho”...