5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home Development Reta itegura kuzorangura imigambi y’iterambere 15 mu mwaka w’2020 ushira uw’2021

Reta itegura kuzorangura imigambi y’iterambere 15 mu mwaka w’2020 ushira uw’2021

Reta y’Uburundi itegekanya kuzorangura muri uyu mwaka w’2020 ushira uw’2021, imigambi y’iterambere igera kuri icumi n’itanu nk’uko biherutse gushikirizwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka zemeje iyo migambi.

Ugushigikira imigambi y’iterambere biciye mu ma koperative yo ku mitumba ku buryo burenga imiliyaridi mirongo umunani n’indwi (87 milliards) hamwe n’ukubandanya kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa Rusumo Falls, ni imwe muri iyo migambi icumi n’itanu Reta y’Uburundi itegekanya kuzorangura.

Integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha, iherutse kwemezwa n’imama nshingamateka na nkenguzamateka , yerekana ko hari ingingo nshasha zashizwemwo. Aha tukavuga nk’ingingo ya 40 ivuga ivyerekeye amasoko ya Reta.

Must Read

Abakurikirana Shaddy Boo basubijwe mu kibanza ciwe, yishize hejuru

0
Harya ng’uwuvuga aba atarabona, akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter, Shadia benshi bamenye nka SHaddy Boo yifatiye mu gahanga ivyamamare bitandukanye avuga ko ariwe afise...