HomehomepageMasudi Narcisse yatanguye imyimenyerezo

Masudi Narcisse yatanguye imyimenyerezo

Inyuma yo kubabara mu rukino rw’igice ca kane gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu aho Umugwi Aigle Noir wasezereye ku kibuga cayo Athletico academy kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 06 Rusama 2020, umwe mu bakinyi ngenderwako mu mugwi wa Aigle Noir Masudi Narcisse yagaragaye mu myimenyerezo.

Ku makuru twaronse dukuye Ku mumenyeshamakuru wa Eagles Sport Blaise Paulin aravuga y’uko iyo nkuru yemezwa n’umuganga wa Aigle Noir ( Mboninyibuka Cremuel) ngo mbere kuri uno mwanya Umukinyi Masudi Narcisse amagara yiwe yifashe neza ngo abakunzi b’uwo mugwi bamwitege mu nkino ziri imbere .

Akaba yitezwe kuboneka mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu ruzobahuza na Rukinzo Fc.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Rukiya Bizimana mu rutonde rw’abakinyi bahiganirwa agashimwe...

0
  Umukinyi w’intamba mu rugamba z’abigeme Bizimana Rukiya yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 10 bakiri bato  bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi mu nkino zo...