5.5 C
New York
Monday, September 27, 2021
HomehomepageSon Heung -Min wa Tottenham yasubijwe mu buzima busanzwe

Son Heung -Min wa Tottenham yasubijwe mu buzima busanzwe

Umukinyi w’umusatirizi w’Umugwi wa Tottenham Son Heung -Min yari amaze imisi ari mu myimenyerezo ya gisirikare yasubijwe mu buzima busanzwe .

Ku makuru twasomye ni uko mu gihugu ca Koreya y’epfo ni itegeko ko umuntu wese arenza imyaka 18 ategerezwa gukora inyigisho z’igisirikare.

Ico gikorwa co kwimenyereza uyo mukinyi akaba yagikoze mu kiringo c’indwi zitatu ni ukuvuga amasaha 500 y’ibikorwa vy’iterambere rusangi muri bataillon ya 91, Brigade y’icenda ya Marine.

Uyo mukinyi akaba yatowe muri batanu bigenjeje neza kuri 157 bari mw’inkambi bariko barakora iyo myimenyerezo.

Ico gikorwa co kurangura iryo tegeko ry’igihugu Son Heung-Min akaba yashimye kugikora muri bino bihe amahiganwa yahagaze kumvo z’ikiza ca Coronavirus

Mukamenya y’uko igihugu ca Koreya y’epfo gifise abasirikare bashika ku bihumbi amajana atandatu, (600.000).

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...