5.5 C
New York
Wednesday, January 27, 2021
Home football Inkino z'igice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe c'Umukuru w'igihugu zigiye kubandanya

Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu zigiye kubandanya

Inyuma yo kumara indwi zirenga zitatu ata nkino ziriko ziraba kumvo y’ibikorwa vy’igihugu bimaze imisi biriko biraba , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona ikirangamisi c’inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu .

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Rusama 2020, isaha icenda 15h00 i Bujumbura ku kibuga c’intwari umugwi wa Rukinzo Fc uzoba wakiriye Aigle Noir mu rukino rwo gutangura mu gihe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 26 Rusama 2020, isaha icenda 15h00 i Bujumbura ku kibuga c’intwari umugwi wa Inter Star uzoba wakiriye umugwi wa Musongati Fc.

Inkino zo gusubiriza zizoba kuri aya matariki akurikira :

-Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 06 Ruheshi 2020, isaha icenda 15h00 i Bujumbura ku kibuga ca Peace Park Complex , umugwi wa Aigle Noir uzokwakira Rukinzo Fc

-Ku musi w’Imana igenekerezo rya 07 Rusama 2020, isaha icenda 15h00 i Gitega ku kibuga c’ingoma umugwi wa Musongati Fc uzoba wakiriye umugwi wa Inter Star.

Must Read

Olegue ngo nibamushigikire nkuko babikora ku banyamahanga

0
  Abantu ngo nibareke gufatira mu rwara Olegue, ahubwo bamushigikire. Ivyo n'ibiheruka gushikiriza n'umwe mu banyamideri b'abarundi bakomeye basanzwe bakorera mu gihugu c'Urwanda. Ku rubuga rwiwe...