5.5 C
New York
Saturday, September 25, 2021
HomeBurundiInyubakwa zegereye ikiyaga Tanganyika zirageramiwe

Inyubakwa zegereye ikiyaga Tanganyika zirageramiwe

Inyubakwa zose ziri ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika zirabangamiwe n’amazi y’ico kiyaga ariko araduga ku muvuduko udasanzwe.

Mu bice bimwe bimwe vyegereye ahitwa Kibenga Rural na Kinindo mu gisagara ca Bujumbura amazi aramaze kurenga imetero amajana atanu aduga.

Umuhinga mu bijanye n’ugutunganya ibisagara hamwe no gukingira ibidukikije Bernard Sindayigaya avuga ko iduga ry’amazi ya Tanganyika atari rishasha ngo kuko ryaheruka kubaho mu 1964.

Bernard Sindayigaya asaba abajejwe gutunganya ibisagara gusubiramwo amategeko agenga kwubaka hafi y’ikiyaga Tanganyika.

- Advertisment -

Must Read

The Fighters: Kurekura album bisa nk’uko vyabankiye

0
Bagizwe n'abaririmvyi batatu aribo Vichou Love, Difficile 5G hamwe na Happy Famba ari nawe arongoye the fighters. Mu kiganiro bakoranye na Indundi Tv Happy Famba yavuze...