5.5 C
New York
Friday, September 24, 2021
HomefootballMudeyi Gustave ngo Uburundi ni Brazil yo muri Africa

Mudeyi Gustave ngo Uburundi ni Brazil yo muri Africa

Mu kiganiro yakoranye na Indundi TV Umukinyi wa kera w’Umugwi wa Vital’o Fc Mudeyi Gustave yavuze y’uko Uburundi ari nka Brezil yo muri Africa Ku bijanye n’Umupira w’amaguru

Akaba yagize ati ” Imisi yose nama ndababwira mu Burundi dufise abakinyi neza cane , Uburundi ni nka Brezile yo muri Africa ni ukuvuga umupira barawuvukanye nk’ubu ugiye muri karatiye iyariyo yose ngaha ntuza kubura abana bariko barakina mw’ibarabara kandi bakinira ku kibuga kirimwo amabuye rero umupira barawuzi”

Uyo mu Legende Mudeyi Gustave akaba yarashimiye cane abatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi muri kino gihe ngo barakoze akazi gakomeye cane mu gushikana Uburundi muri CAN 2019 , yaboneyeho n’akaryo ko kubasaba y’uko bobandanya bashira inguvu hamwe mpaka gushika Uburundi bukinye igikombe c’isi.

Mudeyi Gustave muri kino gihe akaba asanzwe aba mu Burundi muri kino gihe akora akazi ko gukorera abantu ama Massage ni navyo yigiye mu bihugu vya Burayi.

- Advertisment -

Must Read

Amb. Willy Nyamitwe yifurijwe isabukuru Nziza n’abamenyeshamakuru batari bake

0
Ubutumwa bwipfuriza isabukuru Nziza Amb. Willy Nyamitwe buvuye hirya no hino, mbere no hanze y'igihugu, bukaba aribwo bwagumye bucanacanako ku mbuga ngurukamabumenyi Zitandukanye ku...