Uwahoze ari umumenyereza w’umugwi wa Flambeau du Centre Nzeyimana Maylo muri kino gihe amenyereza umugwi wa Lipuli Fc wo mu gihugu ca Tanzania abicishije mu kiganiro c’inkino gica kuri Buja FM igihe yari yabajijwe umugwi aha amahirwe wo gutwara igikombe ca Primus league c’uyu mwaka hagati ya Messager Ngozi hamwe na Musongati Fc , uyo mumenyereza yavuze y’uko ku giti ciwe abona y’uko Messager Ngozi ariwo uzogitwara, akaba yagize ati :
“Nta banga kuko sinkiri Umumenyereza wo ngaha mu Burundi uko jewe ndabibona mbona y’uko umugwi wa Messager Ngozi ushobora kugitwara mugabo kugitwara si ukuvuga y’uko boca bishiramwo ko bamaze gutwara igikombe irya Objectif bamyeko igume kurya nyene Atari uko naho Musongati Fc ishobora kugitwara “.
Abajijwe ati ”ubwo ntiwatoye Messager Ngozi kubera Musongati Fc yigeze kuba umukeba wawe mugihe wari muri Flambeau du Centre ?”, Nzeyimana yishuye agira ati ” oya jewe ndaba arya ma match asigaye , naravye n’uwuhe mugwi ufise amahirwe kuko inkino zibiri Musongati Fc izozikinira hanze mugihe Messager Ngozi inkino zibiri izozikinira iwabo.
Maylo Nzeyimana akaba yarangije avuga y’uko naho atariko amenyereza mu Burundi ariko umutwe wiwe n’umutima vyose biri mu Burundi.