5.5 C
New York
Monday, November 29, 2021
HomeBasketballPapa kyle niwe yatowe muri Urunani fan's

Papa kyle niwe yatowe muri Urunani fan’s

Kw’igenekerezo rya 9 Rusama 2020 mu nyubakwa za New ku muganuro harakoraniye abanywanyi b’umurwi Urunani Basket-ball bakaba batoye umurongozi mushasha Nzeyimana Origène batazira DJ Shaft abandi bita Papa kyle ngo asubiriye uwari ahasanzwe Thierry Nininahazwe yigeze kuba umumenyeshamakuru mu gisata c’icongereza ku mboneshakure RTNB .

Mu kiganiro yahaye Buja fm , Origène Nzeyimana yabanje gushimira abo yasubiriye akamenyesha yuko bafise nabone imigambi myiza yo guteza imbere umufana w’umurwi Urunani Basket-ball club ngo kuko umufana ari umukinyi wa gatandatu.

Ikinyamakuru Indundi caganiriye na Thierry Nininahazwe yahora arongoye abafana. Mu migambi yaranguye na komite yiwe :
Ica mbere yaranguye arikumwe n’abandi bafana nuko yatanguje umugambi wo gusanura ikibuga co kw’i Jabe imbere y’uko Ambassade y’Ubufaransa iza kwunganira ico gikorwa bari batanguje.
Muri ico gihe nyene haratunganijwe urubuga ngurukanabumenyi site web y’urunani bacishako amakuru yose ajanye n’uwo murwi: www.urunani.com.

Muri kazoza bipfuza ko yoba plateforme yo kumenyekanisha urunani urwo rubuga rukinjiza amafaranga biciye mw’ihayanisha Publicité.

- Advertisment -

Must Read

Preeze ngo yahebeye abandi muri Platform show awards 2021

0
Preeze ari mu gitigiri c’abaririmvyi bari bashizwe mw’ihiganwa rya Platformshowawards 2021 mu gice ca Hip Hop/Rap, ariko yasavye gukurwa muri iryo higanwa. Akoresheje urubuga rwiwe...