5.5 C
New York
Thursday, January 28, 2021
Home Handball Intwari Handball yikomeje mu kuzana abandi bakinyi bashasha

Intwari Handball yikomeje mu kuzana abandi bakinyi bashasha

Abakinyi batatu bakomeye nibo basinyishijwe na club Intwari mu ntumbero yo kwitegurira amahiganwa yimirije akaba ari Ingabire Fabrice yahora muri Rumuri, Arakaza Alex Alain n’a Nkengurutse Alain Brax bahora bakina mu karere ka EAC ariko bakaba baramuwe na Muzinga.

Ayo mazina arakomeye kuko anatumwako mu murwi nserukiragihugu wa Handball bigasigura ko harico bazoba bongereje mu nkomezi za club Intwari iheruka igikombe c’igihugu bamaze umwaka badakorako.

Umwe mu bategetsi ba Intwari yemeje ko abo bakinyi baje muri uyo murwi kubw’urukundo bafitiye Handball na club Intwari kanatsinda Alex azoba ahasanze umuvukanyi wiwe Yves Bellard Iteriteka .

Iyindi mirwi twumvise iri kw’isoko ry’abakinyi ni SOS, Brother’s team na Rukinzo.

Mwomenya yuko abo bakinyi batatu tubabwiye bari mubariko bakina ihiganwa rihuza abakinyi ba Handball ribera kuri CECINGA ry’itiriwe All stars y’imishana .

Must Read

Francine Niyonsaba avuze rimwe baba barikosoye  

0
  Ubwo ibihejeje kuba hagati ya Francine Niyonsaba umunonotsi w’Umurundi na rimwe mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Econet, vyoba vyerekana ko hari iyindi ntambwe igiye guterwa...