5.5 C
New York
Friday, September 24, 2021
HomeBurundiBujumbura : Abigisha babiri baheruka gufatwa bagirizwa gushurashuza abarerwa babo

Bujumbura : Abigisha babiri baheruka gufatwa bagirizwa gushurashuza abarerwa babo

Abigisha babiri baheruka guhagarikwa n’igiporisi c’Uburundi kijejwe gukingira abana n‘imico bagirizwa gufata ku nguvu abarerwa babo.

Nk’uko bishikirizwa na Moïse Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, ugukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe, umwe muri abo bigisha ngo yahora yigisha kw’ishure Lycée du Lac Tanganyika riri mu gisagara ca Bujumbura, akaba yashurashuje uwo yigisha afise imyaka 18, uwundi nawe ngo akaba yahora yigisha kw’ishure ryo muri zone ya Ngagara rizwi nka Ecole Maternelle Catholique, nawe akagirizwa gushurashuza umwana afise imyaka umunani y’amavuka.

Moïse Nkurunziza agasaba abanyeshure kudomako urutoke abarezi bafise ingeso mbi nk’izo kugire bahanwe hisunzwe amategeko.

- Advertisment -

Must Read

Amb. Willy Nyamitwe yifurijwe isabukuru Nziza n’abamenyeshamakuru batari bake

0
Ubutumwa bwipfuriza isabukuru Nziza Amb. Willy Nyamitwe buvuye hirya no hino, mbere no hanze y'igihugu, bukaba aribwo bwagumye bucanacanako ku mbuga ngurukamabumenyi Zitandukanye ku...