5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomefootballBCM : Bagumako Amissi niwe yatowe nk'umumenyereza yigenjeje neza mukwa gatatu

BCM : Bagumako Amissi niwe yatowe nk’umumenyereza yigenjeje neza mukwa gatatu


Nkuko bizwi abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi bifadikanije n’Umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro Kwizera Ismail bamaze amezi bariko batanga udushimwe Ku bamenyereza b’imigwi ya Primus league bama bitwaye neza buri ukwezi.

Umumenyereza wa Rukinzo Fc Bagumako Amissi niwe yatowe nk’umumenyereza yigenjeje neza gusumba abandi mu nkino za Primus league Burundi mu kwezi kwa gatatu.

Ako gashimwe kitiriwe izina rya BCM ( Best Coach of the Month ) , kakaba kangana n’ibahasha y’ibihumbi ijana vy’amarundi 100.000fb hamwe n’igikombe canke ( Trophée) , kazotangwa kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Rusama 2020, i Ngozi Ku kibuga c’urukundo imbere y’uko haba urukino ruzohuza Ngozi City hamwe na Rukinzo Fc.

Abo bakunzi b’inkino bahurikiye mu mugwi wa BCM basabwa kuza gushigikira bagenzi babo gutanga ako gashimwe .

Mukamenya y’uko ubushimwe nk’ubwo bumaze gutahukanwa n’abamenyereza nka Ndayishimiye Arnauld amenyereza ( Les lierres ) , Bankuwiha Emanuel batazira Mayele wa (Kayanza united ) hamwe na Hussein Welo wa ( Inter Star )

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...