5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomeBurundiBarahiye gushira umukono ku rupapuro rwemeza ko bagiye gukurikiza amategeko y’igihugu

Barahiye gushira umukono ku rupapuro rwemeza ko bagiye gukurikiza amategeko y’igihugu

Abayoboke ba Zebiya batahukanywe mu miryango yabo, kuri uyu wa gatandatu, ngo baranse gutera umukono ku rupapuro rwemeza ko bagiye gukurikiza amategeko y’igihugu.

Naho biri uko, umuyobozi mukuru ajejwe igisata co gutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe Nestor Bimenyimana asigura ko bazokurikiranwa n’abajejwe intwaro uwudakurikije amategeko y’igihugu ahanwe.

Nestor Bimenyimana amenyesha ko mu vyo basabwa harimwo kwiyemeza kuvavanura n’ingeso yo kwama baja mu bindi bihugu ngo bagiye gusenga ibijanye n’uwo mwigeme Zebiya, kwiyemeza ko abana babo bigishwa co kimwe n’abandi, bavurwe bongere bajanwe ku ncanco, kwubaha no kwubahiriza inzego z’igihugu kuva hasi gushika hejuru n’ibindi.

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...