5.5 C
New York
Sunday, August 1, 2021
HomeBurundiKoperative Kenura imiryango iwacu, yazanye ubworozi butari bumenyerewe

Koperative Kenura imiryango iwacu, yazanye ubworozi butari bumenyerewe

Urwaruka ruhurikiye muri koperative “kenura imiryango iwacu” rufashwe mu mugongo n’ishirahamwe ryo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya “SAORE Company Limited” ruherutse gushing ishirahamwe ry’ubworozi tutari tumenyereye aha iwacu, ubworozi bw’inkwavu.

Nk’uko bishikirizwa na Muzungu David asanzwe aserukira imbere y’amategeko iyo koperative, mu nyigisho baronse mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya zijanye n’uburimyi n’ubworozi, mu bitungwa vyonse bikunze kwororwa hano iwacu, babonye ko inkwavu arizo bokworora kuko ngo zitandukanye n’ibindi bitungwa dusanzwe tumenyereye.

Ikintu ca mbere ubworozi bw’inkwavu busumbije ukworora ibindi bitungwa, David atumenyesha ko urinze worora inkwavu, ikintu cose kizivamwo ari amafaranga kandi atari make, agatanga akarorero k’amaganga yazo, umwavu, inyama n’ibindi kuburyo urukwavu rumwe ngo rushobora kwinjiza amafaranga y’amarundi arenga ibihumbi amajana atanu ku kwezi ku kwezi. Ikindi ngo n’uko inkwavu inyama zazo zishobora kuribwa n’abarwaye igisukari ata ngorane n’imwe.

- Advertisment -

Must Read

Double Jay na Kirikou bagiye kwishura vyose bibabakiye

0
Ni mugihe kuva aho baviriye muri wa muryango bahoramwo Bantu bwoy. Igituma bavuyeyo vyarateye ibibazo bitari bike kuko uko vyasigurwa mu majambo vyari bitandukanye n’ingiro...