5.5 C
New York
Saturday, January 23, 2021
Home football Amissi Bagumako yashikirijwe agashimwe kiwe

Amissi Bagumako yashikirijwe agashimwe kiwe

Umumenyereza w’umugwi wa Rukinzo Fc , Amissi Bagumako yaraye ashikirijwe agashimwe k’umumenyereza yavyitwayemwo neza mu kwezi kwa gatatu.

Hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2020, isaha icenda 15h00 z’umurango,  ku kibuga c’urukundo imbere y’uko urukino rw’indwi ya 28 ya Primus league rwahuje umugwi wa Ngozi city hamwe Rukinzo Fc ruba.

Amissi Bagumako akaba yarashikirijwe ako gashimwe ka BCM ( Best Coach of The Month ) ,na tresorier ajejwe gutanga ako gashimwe , Niragira Melance alias mémé, na Damas ajejwe itunganywa ryo gutanga agashimwe muri BCM

Akaba yahawe Trophé hamwe n’ibahasha ry’amafaranga y’amarundi angana n’ ibihumbi ijana (100.000fb).

Mukamenya y’uko uwo mugambi wo gutanga ako gashimwe k’umumenyereza w’ukwezi yigenjeje neza watangujwe n’umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro Kwizera Ismail batazira Nahodha.

 

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....